Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Matana : Abanyeshure umunani bakomerekeye mw’isanganya

Abanyeshure umunani bagizwe n’abahungu batanu hamwe n’abakobwa batatu nibo bakomeretse mw’isanganya ry’imodoka ryabereye kw’ibarabara Matana-Kiryama-Bururi, muri zone Gisandema, komine Matana.

Iryo sanganya ryabaye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu z’ijoro. Imodoka yo mu bwoko bwa Dyna y’ishure ryisumbuye rya Bururi yaratembagaye, ikaba yariko yunguruza abanyeshure b’ishure ryisumbuye rya Bururi hamwe n’abo kuri ETS Kiryama.

Abo banyeshure umunani bakomeretse baciye bajanwa kuvurirwa ku bitaro bikuru vya Matana.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS