Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bimwe mu binyobwa vya BRARUDI vyadugijwe ibiciro

Ishirahamwe BRARUDI ryadugije ibiciro vya bimwe mu binyobwa iryo shirahamwe rihingura, iyo ngingo ikaba itangura kuja mu ngiro kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 29 Nzero 2019.

Ibinyobwa vyadugijwe ibiciro ni inzoga NYONGERA yahora ku mafaranga igihumbi c’amarundi, ikaba igiye kugurishwa amafaranga igihumbi n’ijana (1100 Frs Bu)

Amstel benshi bita ndende (Amstel 65cl) yahora igurishwa amafaranga igihumbi n’amajana umunani (1800 Frs Bu) yashizwe ku mafaranga igihumbi n’amajana icenda (1900 Frs Bu)

Amstel Bock yahora igurishwa igihumbi n’amajana abiri (1200 Frs Bu) igiye kugurishwa igihumbi n’amajana atatu (1300 Frs Bu)

Amstel Royal yahora igurishwa amafaranga ibihumbi bibiri (2000 Frs Bu) nayo ikaba igiye kugurishwa amafaranga ibihumbi bibiri n’amajana abiri (2200 Frs Bu)

Ishirahamwe BRARUDI rimenyesha ko ibiciro vy’ibindi binyobwa vyose bihingurwa n’iryo shirahamwe, bitavuzwe mw’itangazo ryasohowe ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, biguma ku biciro vyahorako.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS