Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Gaston HAKIZA n’abandi batatu bakomerekeye mw’isanganya

Umuntu umwe yitavye Imana, abandi bane barakomereka mw’isanganya ry’imodoka ryabaye mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu. Mu bakomeretse harimwo Gaston HAKIZA yahoze ari umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi ubu akba arongoye ishure Kaminuza ENA (Ecole Nationale d’Administration).

Nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi, iryo sanganya ryabereye kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo (28 Novembre), hafi y’ibitaro vy’abasirikare. Imodoka yo mu bwoko bwa FUSO ufise iparati ndangamuduga IA1850 yagonganye n’imodoka yo mu bwoko bwa RAV4 nayo ifise iparati ndangamuduga DA4057 ya Gaston HAKIZA. Iyo miduga yompi yahitanye ipikipiki nayo nyene yariko irarengana, uwitwa BARANSANANIYE Sylvestre asanzwe akora akazi k’ukwunguruza abantu akoresheje ipikipiki akaba yaciye yitaba Imana aho nyene.

Bane bakomeretse barimwo na Gaston HAKIZA bariko bavurirwa ku bitaro vy’abasirikare, iyo miduga yompi nayo yononekaye bikomeye.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS