Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaserukiwe i Arusha n’Icegera ciwe Gaston SINDIMWO

Uburundi bwaserukiwe na Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yafashe indege kuri uwu wa gatatu yerekeza mu gihugu ca Tanzaniya, igisagara ca Arusha ahagiye kubera iyo nama ihuza abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Gaston SINDIMWO yabwiye Mashakiri TV ko agiye guserukira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA muri iyo nama, akaba yamenyesheje n’ubutumwa uwurongoye Uburundi amurungikanye :

« Ubutumwa aturungikanye ni ubutumwa yama aturungikana bw’ukuja guserukira Uburundi n’ukuvugira Uburundi muri iryo shirahamwe rya Afrika y’ubuseruko. »

Inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko izotangura kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2019, i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

APPELEZ-NOUS