Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Urwego CEMABU ruvuga ko ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ubwayo idakwiye yonyene

Umushikiranganji w’amagara y’abantu yibutsa abayobozi b’ibitaro vyose vya Reta ko kizira kikaziririzwa gusaba amafaranga y’ingwati umuntu yagize isanganya mw’ibarabara, imbere y’amasaha mirongo ine n’umunani.

Muganga Thadée NDIKUMANA arongoye ubushikiranganji bw’amagara y;abantu, mw’ikete yandikiye abatwara ibitaro vyose vya Reta yabamenyesheje ko igikorwa cabo ca mbere ari ukwakira uwagize isanganya, kumuvura vyihutirwa, mu nyuma amaze gutekana akaba ariho bamusaba ingwati, naho nyene ivyo bigakorwa inyuma y’iminsi itatu.

Mu rwego abarwayi bavugiramwo, CEMABU (Cadre d’Expression des Malades du Burundi) barashima iyo ngingo, ariko bagasaba ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ko bwokwibuka n’ababa bagize isanganya, ariko badashobora kuronka uburyo bwo kuriha ayo mafaranga y’ingwati (Caution).

Sylvain HABANABAKIZE, ajejwe kumenyesha amakuru muri CEMABU : “Iyo ngingo twayakiriye neza, ni iyo kwishimira. Turanasavye ko bitogarukira ngaho kuko twebwe muri CEMABU duca twibaza ibibazo vyinshi. Mbega ku muntu atoba afise uburyo, ku muntu atoba afise amafaranga yagize isanganya, adafise guca yirihira ibitaro inyuma y’iyo minsi itatu umushikiranganji atanze, bica bigenda gute? Nico twebwe muri CEMABU tuvuga y’uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwokorana n’ubushikiranganji bw’ugushigikirana kugira umuntu yoba ataronse uburyo bwo kuriha ayo mafaranga, barabe ukuntu ubushikiranganji bw’ugushigikirana bwomurihira iyo ngwati. Ivyo vyoza gufasha abantu basanzwe badafise uburyo, ari ba ntahonikora, niho bobona ko Reta ibashigikiye.”

Sylvain HABANABAKIZE avuga ko uko abagize isanganya bahora bafatwa bagiye kwa muganga, vyahora bituma biyumvira ko boba atari abarundi bituye ibitaro vya Reta yabo.

“Wahora usanga umuntu ashikiye muri urgence akamaraho umwanya akononekara, abantu bamuzanye bagafatwa n’agashavu nka hamwe umenga si abarundi, ukamenga ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ntaco buriko burabafasha, ukamenga Reta nayo yarabahevye, hagaca haba umwidodombo aho usanga bavuga amajambo mabi, bibaza ko boba ari abanyamahanga batariko barafashwa na Reta.”

Umushikiranganji Thaddée NDIKUMANA yafashe iyo ngingo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2018, umunsi hahimbazwa umunsi wahariwe umurwayi. Mu gihugu c’Uburundi, iyo ngingo yafashwe ku civugo : “Urukundo, ibikorwa ku neza y’umurwayi”

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS