Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

CNC ntiramenya igituma umumenyeshamakuru Pascal BUTOYI wa RTNB yafashwe

Urwego CNC (Conseil National de la Communication) rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi ruvuga ko umumenyeshamakuru wese akorera ikinyamakuru kizwi iyo yatumwe n’ico kinyamakuru kurondera amakuru ahantu afise uburenganzira bw’ugukora n’ugushikiriza ayo makuru. Muri CNC bamenyesha ariko ko bataramenyeshwa ivyashikiye umumenyeshamakuru Pascal BUTOYI akorera insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu c’Uburundi (RTNB : Radio Télévision Nationale du Burundi).

Urwego CNC rubishikirije inyuma y’aho umumenyeshamakuru Pascal BUTOYI afatiwe n’igiporisi ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, arekurwa mw’ijoro ryo kuri uwo munsi nyene, ariko akaba mu gatondo ko kuri uwu wa kane yarasubiriye kwumvirizwa n’igiporisi, nk’uko vyemezwa na bamwe mu bakorana n’uwo mumenyeshamakuru.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru yafashwe mu gihe yariko afata amasanamu hafi y’ahari icicaro gikuru c’ibanki BCB mu gisagara ca Bujumbura, aho abadandaza ivyamwa mw’ibarabara bariko basaba ko umwe muribo yari yafashwe n’igiporisi arekurwa.

Mu rwego CNC bamenyesha ko batararonka icegeranyo c’ifatwa ry’uwo mumenyeshamakuru. Nestor BANKUMUKUNZI arongoye urwego CNC asigura ati : “Ivy’uwo nawe ntawe nzi, dossier ntayo nzi, sinzi n’igituma yoba yarafashwe. Hamwe umuntu yobironka, tuzoheza tubirabe, turabe ikibereye, tuzoheza tubahe inyishu itomoye tumaze kumenya ivyarivyo.”

Mu giporisi c’Uburundi uwo mumenyeshamakuru nawe wa RTNB, Pascal BUTOYI ko yariko afata amasanamu atatumwe na RTNB, Petero NKURIKIYE agashikiriza ko amatohoza ariko arakorwa kugira barabe ko uwo mumenyeshamakuru atifadikanije n’abo badandaza muvyo igiporisi cise imigumuko yabereye mu gisagara ca Bujumbura, yongere avuge aho yari yari gutanga ayo masanamu yafashwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS