Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abanyororo bagiriwe ikigongwe bahawe isango ryo mu mpera z’ukwezi kwa gatatu

Ubushikiranganji bw’ubutungane bushikiriza ko ingingo y’ugushira mu ngiro ikigongwe catanzwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatebejwe n’igikorwa c’umurwi wabanje kurondera imyidondoro y’abanyororo bategerezwa guhabwa ico kigongwe. Muri ubwo bushikiranganji bamenyesha ko ico gikorwa casozerewe, kandi ko mu mpera z’uku kwezi kwa gatatu abanyororo bagiriwe ikigongwe bazotangura kurekurwa.

Mu kiganiro c’abavugizi bose b’inzego za Reta cabereye mu ntara ya Mwaro kuri uwu wa gatanu, mu bushikiranganji bw’ubutungane bamenyesheje ko ku bijanye n’ugushira mu ngiro ikigongwe catanzwe n’umukuru w’igihugu, kuva itegeko risohoka ritanga ikigongwe ku banyororo bamwe bamwe, ubushikiranganji bw’ubutungane bwaciye buja ku kivi, umurwi ubijejwe ukaba waciye uca mu mabohero yose kugira haboneke vy’ukuri umwidondoro w’abanyororo bategerezwa guhabwa ikigongwe.

Amezi agiye kuba atatu abo banyororo bagiriwe ikigongwe, ariko ntibararekurwa. Muri ubwo bushikiranganji basigura ko ico gikorwa c’ukwegeranya imyidondoro y’abazorekurwa catwaye umwanya muremure, ariko ko caheze.

Livin Macumi umuvugizi w’imfatakibanza, w’ubushikiranganji bw’ubutungane yizeza abegwa n’ico kigongwe ko bagiye kurekurwa vuba : “Borema kuko umwanya n’umwanya borekurwa. Turizera ko mu mpera za kuno kwezi, abategerezwa kurekurwa bashobora kuba bashitse mu miryango yabo.”

Macumi Livin amenyesha ko inyuma y’ukurekurwa, abanyororo bazohabwa inyigisho zizobafasha kudasubira muvyo bari bapfungiwe, abajejwe intwaro nabo bagasabwa kuzohimiriza abo mu kibano, kugira bazokwakire neza abazoba barekuwe.

Mw’ijambo yashikirije Abarundi abipfuriza umwaka mushasha w’2019, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yashikirije ati : “Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n’itekane mu gihugu, twisunze ingingo y’114 y’Ibwirizwa Shingiro, turagiriye ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, abakenyezi bibungenze n’abonsa, abagendana ubumuga bugaragara, abamaze mu mvuto ica kabiri c’ikiringo bakatiwe, n’abandi bose hisunzwe uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo.”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS