Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ikirangaminsi c’ibikorwa vy’ugukingira ibidukikije cashizweho

Ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bwashizeho ikirangaminsi c’amezi atatu yo ku minsi ya kane mu gihugu cose, ikirangaminsi kivuga ibikorwa bizorangurwa mu ntumbero y’ugukingira ibidukikije.

Nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, Déo Guide Rurema, ivyo bikorwa bigizwe muri rusangi n’uguca imikobeko no kurandura ibiti binywa amazi menshi mu tubande, mu myonga no mu masoko mu gihugu cose.

Ico kirangaminsi kivuga ko muri uku kwezi kwa kane, ibikorwa bizoba ari ivyo guca imikobeko mu makomine 93, kurandura ibiti binywa amazi menshi mu makomine 78 hamwe no kubagarira ibiti muma komine 77.

Mu kwezi kwa gatanu, hazoba uguca imikobeko mu makomine 89, hamwe n’ukurandura ibiti mu makomine 90.

Mu kwezi kwa gatandatu, ibikorwa bizorangurwa bigizwe n’uguca imikobeko mu makomine 82, kurandura ibiti binywa amazi menshi mu makomine 43, guca imiciro yo gukinga imiriro ya nyakanga mu makomine 91 hamwe n’ugushiraho amanamba y’ibiti mu makomine yose agize igihugu c’Uburundi.

Umushikiranganji Déo Guide Rurema ahamagarira abarundi bose gufasha mw’irangurwa ry’ivyo bikorwa : “Duhamagariye abarundi bose na cane cane abakozi bo mu bushikiranganji n’abajejwe intwaro ko bova mu biro bakifadikanya n’abene gihugu mu bikorwa vyo gukingira ibidukikije.”

Tubibutse ko ku masoko y’amazi ashika 24832 Uburundi bufise, ayagera ku 2499 akama burundu, ayagera ku 4418 nayo ariko arakama, kandi nayo nyene atagikozwe vuba arashobora gukama burundu, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji Rurema agabisha ko aravye aho igihugu c’Uburundi giherereye, ko hamwe amasoko y’amazi y’Uburundi yokama, ko ata mazi ava mu bindi bihugu Uburundi buzoronka, kuko n’ayahari ari ayasohoka mu bindi bihugu, atayinjira mu Burundi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS