Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Imirwi izokina igice ca nyuma c’ihiganwa ry’umukuru w’igihugu yamenyekanye

Umurwi wa Aigle Noir FC usanzwe uri mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Primus Ligue 2019 waronse kuri uwu w’Imana uburenganzira bw’ukuzokina igice ca nyuma c’ihiganwa ryitiriwe igikombe c’umukuru w’igihugu. Uwo murwi uronse ubwo burenganzira inyuma y’ugutsinda Inter Stars ibitsindo bibiri ku busa.

Muri urwo rukino rwa nyuma, Aigle Noir izokina Rukinzo FC yakuyemwo Ngozi City ku munsi wa gatandatu, mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Umurwi w’igiporisi c’Uburundi ariwo Rukinzo FC niwo uzoserukira Uburundi mu nkino za “Conféderation” n’aho wotsinda canke ugatsindwa, kuko Aigle Noir FC ya mbere muri Primus Ligue 2019 isanzwe ariyo izoserukira Uburundi mu nkino za “CAF Ligue des champions”

Ni amateka adasanzwe ku murwi wa Rukinzo FC, kuko ariwo mwaka wawo wa mbere mu cicaro ca mbere, ugaca uronka amahirwe y’uguserukira Uburundi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS