Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Burundi : Abo mw’idini rya Islam batanguye ukwezi kw’amafungo

Uko umwaka utashe, abari mw’idini rya Islamu baragira ukwezi kw’amafungo mu ntumbero yo kunezereza Imana no kuyereka ko bayubaha kugira bashobore kuzoja mw’i Paradizo. Ukwezi bitiriye « Ramadan », gusanzwe ari n’uburyo bwo kwibuka ibikorwa vy’intumwa Mohamed, ukwo kwezi kukaba gufatwa kandi nk’umugisha w’Imana, nk’uko bivugwa n’uworongoye COMIBU, Cheick Sadiki Kajandi.

Ukwo kwezi rero kwatanguye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 6 Rusama 2019 kugenewe kwisonzesha no kusenga kugira abari mw’idini rya Islamu barushirizeho kwegera Imana.

Cheick Sadiki Kajandi arongoye umuryango w’aba Islam mu Burundi, COMIBU, avuga ko ukwisonzesha muri ukwo kwezi kwa Ramadan, gusanzwe gufise intumbero zibiri, iy’ugukomeza ubumwe mu miryango mu gihe bariko barasangira ibifungurwa vyo ku mugoroba hamwe no kwiyegereza Imana gusumvya uko bahora babikora.

Ukwisonzesha kukaba ari kimwe mu nkingi zigize idini rya islamu harimwo kwemera Imana imwe rudende, gusenga gatanu ku munsi, gufasha abagowe no kugira urugendo i Maka.

Ukwo kwezi kwa Ramadan kukaba kwanshinzwe kugira kube ukwezi kwo kwisonzesha, ukwezi kw’icenda mu mwaka bivanye n’igihe ukwezi guserukiye. Ivyo bikaba ari itegeko kumu islamu wese, yaba umugabo, yaba umugore canke umuyabaga.

Muri ukwo kwezi, mu muryango w’aba Islamu COMIBU baributsa abatunzi bose kwibuka no gufasha abagowe, hamwe n’ukwitaho abagwaye. Kubwa Cheick Kajandi, ukwisonzesha mu kwezi kwa Ramadhan kwigisha abasanzwe bifise ububabare bw’abakene bama bashonje, bigatuma abo bifise baza baribuka aboro, kuko baba bamenye uko inzara ibabaza.

Abari mu muryango w’aba islamu mu Burundi, COMIBU, biciye ku murongozi wabo Cheick Sadiki Kajandi, basavye aba islamu bose bo mu Burundi kwifatanya hamwe n’abandi mu kwisonzesha no gusenga.

Uno munsi rero, igenekerezo rya 6 Rusama 2019 akaba ariho hatanguye ayo mafungo kw’isi yose, azomara iminsi 29 canke 30.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS