Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Rumonge : Abagabo batanu bagirizwa kubomora icibutso ca CNDD FDD barekuwe

Abantu batanu bagirizwa gusibanganya ivyandiko biri ku cibutso c’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Rumonge barekuwe, inyuma y’ukwezi bari bamaze mw’ibohero, nk’uko vyemezwa n’imiryango yabo. Abo bagabo bagirizwa kandi ko aribo basenyuye ico cibutso. Mu miryango yabo barashima ko barekuwe, ariko bagasaba ko amatohoza yoza aranyaruka.

Abo bagabo batanu bari bapfungiwe mu gasho k’igiporisi mu Rumonge bagirizwa ko aribo bahanaguye inzandiko zo ku cibutso c’umugambwe CNDD FDD barekuwe inyuma y’ukwumvirizwa n’ubutungane irigira kane muri Sentare nkuru y’intara ya Rumonge. Ni Emmanuel Niyonganji, Mélance Irambona, Rénovat Ninteretse, Pascal Ahishakiye hamwe na Jean Bosco Niyomwungere.

Ico cibutso c’umugambwe CNDD-FDD cahanaguwe ivyibutso kiri ku musozi Busaga, komine Burambi, intara ya Rumonge.

Inyuma y’ukwezi bapfungiwe mu gasho ka komine, barekuwe, imiryango yabo ikaba ishima, ariko igasaba ko ubutungane bwoza burafasha amatohoza akanyaruka ku wagirizwa icaha.

Abo bagabo bahagaritswe kw’igenekerezo rya 10 Nzero 2019 muri komine Burambi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS