Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abaganda bankiwe kwinjira mu Burundi bagirizwa ko bari kumwe n’abitwaje inkoho

Urwaruka rwo mu gihugu ca Uganda bo mu muhari w’aba Scout bari baje mu gihugu c’Uburundi barabujijwe kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 2018 kwinjira ku butaka bw’Uburundi, mu giporisi c’Uburundi basigura ko abo bantu bankiwe kubera bari kumwe n’abitwaje inkoho.

Abantu barenga amajana abiri baherekejwe n’abajejwe umutekano b’igihugu ca Uganda bari baje bava mu gihugu ca Uganda barankiwe kujabuka urubibe rugabura Uburundi na Tanzaniya, ku ruhande rwa Muyinga i Kobero. Urwo rwaruka rwo mu muhari w’aba Scouts rwavuga ko ruje gutembera mu Burundi, kimwe mu bihugu biri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.

Petero Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko abo banyagihugu ba Uganda bankiwe kwinjira mu Burundi, kuko bari baherekejwe n’abantu bitwaje inkoho :

“N’uko bari baje bari kumwe n’abantu bitwaje ibirwanisho, inkoho zirenga icumi, abaporisi rero barabankiye kwinjira mu gihugu c’Uburundi, kuko mu gihugu c’Uburundi bibujijwe n’amategeko.”

Inyuma y’ukwo kwankirwa kwinjira mu Burundi, haribonekeje imigenderanire itari myiza hagati y’Uburundi na Uganda, mbere na bamwe mu badandaza b’Abarundi nabo barankirwa kwinjira mu gihugu ca Uganda.

Mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko bamenyesha ko ico kibazo catorewe inyishu, Jean Paul Sindayigaya avugira ubwo bushikiranganji yizeza abagira ingendo mu gihugu ca Uganda ko imigenderanire y’ivyo bihugu vyompi ari myiza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS