Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abagirizwa ubwicanyi bwo mu Ruhagarika ntibarabwirwa Sentare ibaburanisha iyariyo

Abantu icenda bagirizwa ko aribo bakoze ubwicanyi bwabereye ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda intara ya Cibitoke barengutse muri Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri. Bose uko ari icenda batanguriye kuburanira muri Sentare isubiramwo imanza kubera muribo harimwo umusirikare w’intwazangabo.

Nk’igihe c’isaha zitanu n’iminota mirongo itatu, niho Sentare yasasa ku rubanza rw’abo bantu icenda bahamagawe umwe wese kw’izina n’imyidondoro yiwe.

Abo basanzwe bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura bagizwe n’abagabo umunani hamwe n’umugore umwe, muribo harimwo umugabo afise ubwenegihugu bw’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bakaba bakurikiranwa mu mirwi ibiri. Umurwi wa mbere ugizwe n’abantu indwi bakurikiranwa ku caha c’ukuja mu mirwi y’iterabwoba hamwe n’ukuba bakoze igitero cahitanye abantu 26 ku mutumba Ruhagarika intara ya Cibitoke. Umurwi ugira kabiri ugizwe n’abantu babiri bagirizwa ko bamenye ko ico gitero kiza kuba ariko ntibabimenyesha kandi ntibatabara. Muri abo harimwo umusirikare wo kw’ipete rya Major azwi kw’izina rya Léonce Ntakarutimana.

Urwo rubanza ntirwabaye rukiburanishwa kuko umushingwamanza w’iyo ntwazangabo mu gisirikare c’Uburundi yasavye Sentare ko uwo aburanira yokwumvirizwa na Sentare y’igisirikare (Cour militaire), ivyo atahurijeko n’umushikirizamanza mukuru yamenyesheje ko yoburanira muri iyo Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa, kuko ku bwiwe, icaha yagirizwa yagikoranye n’abanyagihugu basanzwe (Civils).

Umushingamanza w’uwo musirikare ntiyanyuzwe n’iyo nsiguro, akaba ahubwo yamenyesheje ko amategeko avuga ko umusirikare wo ku rwego rwo hejuru yagirizwa icaha kimwe n’abanyagihugu basanzwe (Civils), ko abo banyagihugu aribo bamusanga muri Sentare y’igisirikare kuburanirayo.

Sentare yashize urwo rubanza mu mwiherero, kugira ije kwiga aho uwo musirikare yoburanira, hamwe n’ukuraba namba abo bantu icenda boburanishwa mu mirwi ibiri, abanyagihugu ukwabo, n’umusirikare ukwiwe.

Urwo rubanza rwahawe isango yo kuwa 14 Ruheshi 2019.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS