Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abagizi ba nabi bateye kuri Posita yo mw’Ijenda

Umunyezamu wa Posita yo mw’Ijenda komine Mugongomanga intara Bujumbura bita rural yaraye yishwe n’abagizi ba nabi bamusanze aho kuri iyo Posita. Abantu bane nibo bafashwe n’igiporisi ku mvo z’amatohoza.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko hari mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana nk’igihe c’isaha zitandatu z’ijoro, aho abo bagizi ba nabi babomora uruzitiro rya Posita yo mw’Ijenda, bashika baboha umunyezamu Muzakeye Léonard imbere y’uko bamwica.

Abo bagizi ba nabi barabomoye icuma kibika amafaranga (Coffre-fort) ariko mu giporisi bakaba bamenyesha ko ataco bivye.

Abantu bane nibo bafashwe n’igiporisi ku mvo z’amatohoza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS