Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abakinyi 11 b’Uburundi bazotangura mu kibuga mu rukino na Afrika y’epfo

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abadashikana imyaka 20 yashize ahabona umukenyuro azokoresha, mu rukino rudasanzwe ruzohuza kuri uwu wa gatanu Uburundi na Afrika y’epfo.

Umumenyereza Joslin BIPFUBUSA yerekanye ko azokoresha ubuhinga bwa 3-5-2, aho abakinyi b’inyuma azoba ari batatu, batanu hagati, hamwe n’abasatirizi babiri.

Intamba mu rugamba zifise igikorwa kidasanzwe c’ugutegerezwa gutsinda Afrika y’epfo, kugira amahirwe y’ukubandanya ihiganwa abe menshi. Urwo rukino ruzoba kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2019, i Niamey muri Niger, isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo itatu. Gushika ubu imirwi irutana uku inyuma y’inkino zibiri zimaze gukinwa :

-Nigeria:amanota 4, igitsindo 2
-Niger:amanota 2, ibitsindo4
-Afrika y’epfo:amanota 2, igitsindo 1
-Burundi:inota 1, ibitsindo 3

Intamba U20 zisabwa gutsinda urukino rukurikira bazokina na Afrika y’epfo kugira bashobore kuronka amahirwe yo kuja mu ca kabiri ca nyuma, aho ni mu gihe Nigeria izoba yatsinze mu rundi rukino.Igikorwa kigoye ariko gishoboka ku murwi w’Intamba z’abadashikana imyaka 20.

Abakinyi cumi n’umwe bazotangura mu kibuga

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS