Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abakinyi babiri b’Intamba mu rugamba baguzwe mu yindi mirwi

Inyuma y’aho asozereye amasezerano y’amezi atandatu yari afise akinira umwe mu mirwi yo mu gihugu ca Oman, Shassir NAHIMANA, umukinyi wo hagati mu kibuga w’Intamba mu Rugamba yateye umukono ku masezerano y’ugukinira umurwi AL MUJAZZAL CLUB wo mu cicaro ca kabiri, mu gihugu ca Arabia Saudite. Ayo masezerano ni ay’ugukinira uwo murwi mu kiringo c’umwaka umwe n’igice, nk’uko biboneka kuri ayo masezerano.

Mu gihugu ca Arabia Saoudite, Shassir NAHIMANA ahambije abandi bakinyi babiri nabo nyene b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba, abo nabo akaba ari Yamin Selemani NDIKUMANA hamwe na Amissi Cedric.

Mwomenya ko imbere y’ukuja gukinira mu gihugu ca Oman, mu nyuma akerekeza mu gihugu ca Arabia Saoudite, Shassir NAHIMANA yaje ava mu murwi wa Rayon Sports yo mu gihugu c’Urwanda.

Uwo murwi nyene wa Rayon Sports niwo wavuyemwo umukinyi w’umusatirizi w’umurundi asanzwe akinira Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23, BIMENYIMANA Bonfils Caleb, yaguzwe n’umurwi wo mu gihugu ca Bosnie-Herzégovine.

Mu butumwa yanditse ku muhora wiwe wa Twitter, umusatirizi BIMENYIMANA Bonfils Caleb yashimye umwanya wose yamaze mu murwi wa Rayon Sports, asaba abakunzi biwe ko bomusabira ku Mana, azororanirwe mu murwi mushasha wamuguze.

Muri ubwo butumwa yagize ati : « Ndashima mu bihe vyose nabayemwo muri Rayon Sports, umubano n’urukundo banyeretse abayobozi n’abakinyi dukinana, n’abafana ba Rayon. Ivyo ndabibashimira. Nashaka kubamenyesha ko ngiye ahandi ariko ngaha ni mu rugo, ntibivuze ko nsezeye tutazongera kubonana. Aka kanya ntabwo turi kumwe, ariko munsabire aho ngiye, kuko ni ku rwego rwo hejuru, bizogende neza nk’uko vyagenze neza muri Rayon Sports. Nanje nzobasabira twese tugere kuvyo twipfuza. »

BIMENYIMANA Bonfis Caleb agiye gukinira umurwi wa Široki Brijeg uri mu kibanza ca gatanu mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Bosnie Herzégovine kiri ku mugabane wa Buraya.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS