Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abakinyi batatu bashasha b’Intamba mu rugamba bari ku rutonde rw’abatumweko kwitegurira inkino za CAN 2019

Umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba Olivier Niyungeko yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 28 b’Intamba mu rugamba batumweko kwitegurira inkino z’igikombe ca Afrika (CAN 2019) zimirije kubera mu gihugu Misiri mu kwezi kwa Ruheshi. Abo bakinyi bose batumweko bazoba bashitse mu Burundi imbere y’igenekerezo rya 25 Rusama 2019, aho bazokina inkino za kivandimwe mu Burundi, muri Sénégal, muri Turquie hamwe no muri Quatar imbere y’ukwerekeza mu gihugu ca Misiri.

Kuri urwo rutonde, harabonekako abakinyi batatu bashasha b’Intamba mu rugamba, abo nabo ni umusatirizi akina mu gihugu ca Australie KAMSOBA Elvis, DELANYS Valentin Adelin akina mu gihugu c’Ubufaransa, hamwe na BEMBO Leta Joel umukinyi w’inyuma mu gihugu c’Ubwongereza. Abo bose rizoba ribaye irya mbere bakiniye igihugu c’Uburundi.

Abakinyi 28 batumweko

1. NAHIMANA Jonathan
2. NDIKUMANA Justin
3. ARAKAZA Mac Arthur
4. RUKUNDO Onésime
5. Moussa Omar
6. NDUWARUGIRA Christophe
7. NIZIGIYIMANA Abdoul Karim
8. HARERIMANA Rachid Léon
9. NSABIYUMVA Frédéric
10. NGANDO Omar
11. NSHIMIRIMANA David
12. DELANYS Valentin Adelin
13. BEMBO Leta Joel
14. KWIZERA Pierre
15. BIGIRIMANA Gaël
16. NDAYISHIMIYE Youssouf
17. DUHAYINDAVYI Gaël
18. NAHIMANA Shassiri
19. SABUMUKAMA Enock
20. SHABANI Hussein
21. AMISSI Mohammed
22. NDIKUMANA Yamini Selemani
23. AMISSI Cédric
24. MUSTAFA Francis
25. BERAHINO Saido
26. Abdoul Fiston
27. MAVUGO Laudit
28. KAMSOBA Elvis

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS