Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abakinyi b’intamba mu rugamba U20 bashitse i Bujumbura : Amafoto

Abaserukiye Uburundi mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’abadashikana imyaka 20 bashitse i Bujumbura ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu bava mu gihugu ca Niger, inyuma y’aho basezereye ihiganwa mu gice ca mbere c’iryo higanwa.

Joslin BIPFUBUSA, umumenyereza w’intamba mu rugamba z’abadashikana imyaka 20 avuga ko abakinyi yatwaye bakoze uko bashoboye, n’aho batashoboye gushika mu gice gikurikira c’iryo higanwa. Joslin BIPFUBUSA amenyesha ko atowovuga ko imirwi yakinye n’Uburundi ikomeye kuruta Intamba mu rugamba, ahubwo ko imyiteguro Uburundi bwagize itari ikwiye, mu gihe ihiganwa bahoramwo risaba kwitegura cane.

Onésime RUKUNDO, ni umunyegori w’Intamba mu rugamba, akaba n’umwe mu bakinyi bigenjeje neza cane muri iryo higanwa. Avuga ko atako batakoze, akanavuga icokosorwa : “Twarakoze uko dushoboye, umwe wese aritanga arakoresha ubuhinga bwiwe, ariko vyaranse ko turonka intsinzi nk’uko twavyipfuza. Icokosorwa ubwa mbere, tugiye dukwiye kumenya ico tugiye gukora, tukitegura nk’uko abandi bitegura. Ni ihiganwa rikomeye, natwe dukwiye kuriha agaciro nk’ako riba rifise.”

N’aho Uburundi bwasezeye ihiganwa mu gice ca mbere, RUKUNDO Onésime yashimwe n’abatari bake bakurikiranye izo nkino yemeza ko imirwi itandukanye yatanguye kurondera : “Hari abo turiko turavugana, reka tubihe Imana yonyene niyo izobikora.” Ku kibazo c’ukumenya imirwi imukeneye muri uwu mwanya, Onesime RUKUNDO yishura ati : “Ako ni akabanga kanje, nivyaba muzobimenya, ntibizonyegezwa.”

Amissi Mohamed asanwe akina mu gihugu ca Hollande, rikaba ryari ribaye irya mbere akiniye Intamba mu rugamba, nawe nyene avuga ko ashima ingene bakinyi b’Uburundi bigenjeje, n’urugero umurwi nserukiragihugu w’Uburundi ugezeko, akemera ko yiteguriye kubandanya guserukira Uburundi mu mahiganwa atandukanye, mbere akemera ko azokwitaba, mu gihe yokwizerwa mu bazotumwako kwitegurira urukino rw’Uburundi na Gabon ari narwo ruzotuma Uburundi bwitaba ku ncuro ya mbere ihiganwa ry’igikombe ca Afrika, mu gihe Uburundi bwotsinda canke bukanganya na Gabon.

Mw’ihiganwa Uburundi bwahoramwo mu gihugu ca Niger, bwatsinzwe incuro zibiri, bunganya rimwe.

 

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS