Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abakora mu gisata c’ubutare mu Burundi basabwe kwirinda kubitsa amafaranga yabo mu bindi bihugu

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza asaba ko mu gisata hovamwo akajagari, n’ibiva muri ico gisata bigirire akamaro abarundi bose. Yahamagariye abakora mu gisata c’ubutare gukora biyumvira ineza y’igihugu.

Mu nama yagiranye kuri uwu wa kane n’abegwa n’ikibazo c’ubutare mu Burundi, inama yabereye muri komine Kiremba intara ya Bururi, mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene ico gisata c’ubutare cifashe inyuma y’ingingo zafatiwe manama nk’ayo yaheruka kubera mu ntara za Ngozi na Gitega mu mwaka uheze, umukuru w’igihugu c’Uburundi yibukije abakora mu gisata c’ubutare ko amafaranga avuye muri ico gisata yogaruka mu Burundi akaza gufasha mu migambi y’iterambere, akaza kandi gufasha mu bijanye n’inyubako rusangi.

Nk’uko Jean Claude karerwa umuvugizi w’umukuru w’igihugu abishikiriza, abo bakorera mu gisata c’ubutare basabwe kandi kwirinda kubitsa amafaranga yabo mu bindi bihugu.

“Yasavye abakora mu gisata c’ubutare n’agataka gutegera neza ko ubutare n’agataka biri mu gihugu cacu ari iragi twarazwe naba sokuru kandi ko ari iragi dutegerezwa kuraga abana bacu, maze twese tugategerezwa gukora twisunze amategeko, kandi tugakora tutabangamira ibidukikije.”

Muri iyo nama, ingingo z’ibigiye gukorwa kugira igisata c’ubutare kigirire akamaro abarundi bose zafashwe, Jean Karerwa avugira umukuru w’igihugu amenyesha ko ingingo ya mbere ari uko hagiye gushirwaho ishure ryigisha abarundi ivy’ubutare, gutunganwa ibiganiro n’imiburiburi uko ukwezi gutashe kugira abarundi bose baze baramenyeshwa ibiriko birakorwa muri ico gisata c’ubutare, hamwe n’uko uko amezi atatu ahaciye hazokwama haba inama y’abegwa n’ico gisata kugira bahane impanuro bongere bafate n’ingingo nshasha bafatiye ku bizoba vyaranguwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS