Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abakoresha ama “Taxis” yose yunguruza abantu n’ibintu bategetswe kuyasiga irangi

Ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu bwashizeho itegeko rivuga ko abakoresha ama “Taxis” bose hamwe n’aba Bus bategerezwa kuyasiga, uwutazobikurikiza nawe akazokurwa muri ico gisata.

Jean Bosco Ntunzwenimana arongoye ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu avuga ko iryo tegeko ryafashwe mu ntumbero y’ukwubahiriza umutekano, hamwe n’ukugabanya ubusuma bumaze igihe bwibonekeza na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

Mu bushikiranganji bw’ugutwara abantu n’ibintu bavuga ko ama Taxis yo mu gisagara ca Bujumbura azosiga irangi ry’ubururu n’iryera (Bleu blanc), ayo mu gihugu hagati nabo bakazosiga ibara ry’umuhondo n’iryera (Jaune Blanc).

Jeanne Mukenguruka Mukenguruka umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ugutwara abantu n’ibintu yabwiye Mashariki TV ko ama “Bus” yo mu mashirahamwe asanzwe yunguruza abantu (Agence de voyage) atarabwa n’iyo ngingo, kuko asanzwe afise ivyapa n’ibimenyetso vyerekana amashirahamwe yazo.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS