Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abakozi 72 b’ishirahamwe Au Top bakwije hafi amezi umunani badahembwa basaba gutunganirizwa

Abakozi bagera kuri 72 b’ishirahamwe Au Top ridandaza amatike y’indege baridogera ubuyobozi bw’iryo shirahamwe ko bamaze hafi amezi umunani bataronswa imishahara yabo, bamwe muribo bakamenyesha ko ubuzima bwabo bwifashe nabi, abandi nabo bamaze kwirukanwa mu mazu bapanze. Abo bakozi bemeza ko bamaze kwandikira kenshi ubuyobozi bw’iryo shirahamwe basaba ko botunganirizwa, ariko bavuga ko batigeze bahabwa inyishu. Abo bakozi basaba inzego zibishoboye ko zobafasha bagahabwa agahembo kabo.

Nk’uko abo bakozi babimenyesha, ntibigeze babwirwa ikibazo cahabaye mw’ishirahamwe bakorera, kuko ku bwabo bitumvikana ingene bomara amezi hafi umunani badahembwa, kandi badasiba gukora.

Abaserukira abo bakozi basaba uwo wese afise ico ashoboye, cane cane umukuru w’igihugu, ko yobafasha kugira batunganirizwe, nabo bashobore gutunga imiryango yabo.

Umwe mu batanguje iryo shirahamwe. Jean Marie Niyongabo amenyesha ko ico kibazo bakizi, kandi ko catewe n’ukutumvikana kuri hagati y’abanyamitahe babiri bari basangiye iryo shirahamwe. Jean Marie Niyongabo arahumuriza abo bakozi, akavuga ko inyishu y’ico kibazo igiye gutorwa, abo bakozi bagatunganirizwa imbere y’uko uku kwezi kwa gatatu guhera.

Abo bakozi 72 bishuza ishirahamwe Au Top amafaranga hafi imiriyoni amajana abiri z’amarundi.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS