Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abakozi b’ishirahamwe Savonor baragabisha ihagarikwa ry’akazi

Abakozi b’ishirahamwe Liquids rihingura ibinyobwa “Aquavie” vy’ishirahamwe “Savonor” bagabisha ko bazohagarika akazi kw’igenekerezo rya 21 uku kwezi kwa gatatu 2019, bakaba biyamiriza ingingo yafashwe n’ubuyobozi bw’iryo shirahamwe, y’ukwirukana mu kazi uwurongoye Sendika y’abo bakozi.

Abo bakozi bamenyesha ko Samuel Nkengurukiyimana yahora arongoye Sendika y’abakozi b’ishirahamwe Liquids rihingura ibinyobwa “Aquavie” vy’ishirahamwe “Savonor” yakuwe mu kazi hadakurikijwe amategeko, abo bakozi bagasaba ko yosubizwa mu kazi.

Jean de Dieu Ndayizeye, icegera c’umukuru w’iyo Sendika yemeza ko uwo mukuru wa Sendika yakuwe mu kazi kuko ariwe yashize ahabona ibibazo biri muri iryo shirahamwe, nk’ubusumbasumbane bw’imishahara, hamwe n’akandi karenganyo gakorerwa abakozi.

Abakozi b’ishirahamwe Liquids rihingura ibinyobwa “Aquavie” vy’ishirahamwe “Savonor” bashikiriza ko mu gihe ivyo basaba bitokorwa, ko bagiye kuzohagarika akazi, kuva kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante 2019.

Ntiturashobora kuronka umuyobozi w’ishirahamwe Savonor kugira agire ico ahikirije kuri ivyo bivugwa n’abakozi arongoye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS