Amakuru AgezwehoBurundiEAC

Abakuru b’ibihugu vya EAC bafashe ingingo ko ibiganiro bihuza Abarundi bibandanya

Abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, mu nama yabo igira iya 20 yabaye kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2019, barahawe icegeranyo c’umufasha w’umuhuza mu matati y’Abarundi, Benjamin William MKAPA yahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzaniya.

Abo bakuru b’ibihugu barashimiye Benjamin William MKAPA ku gikorwa arangura c’uguhuza abatavuga rumwe mu Burundi, mu biganiro bibera hanze y’Uburundi. Muri iyo nama yariko ibera mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe, abo bakuru b’ibihugu bafashe ingingo ko imibonano igiye kubandanya, kugira ivyo biganiro bihuza Abarundi biyobowe n’akarere ka Afrika y’ubuseruko bibandanye. Iryo tangazo ntiritomora ariko ryari ivyo biganiro bizobandanya hamwe n’ingene bigiye kubandanya.

Muri iyo nama nyene, kabaye akaryo ko gushikiriza ku mugaragaro uburongozi bwa Afrika y’ubuseruko umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME, akaba agiye mu kibanza cahoramwo umukuru w’igihugu wa Uganda Yoweri Kaguta MUSEVENi yahejeje ikiringo ciwe.

Inyuma y’ugushikirizwa ubwo burongozi bwa EAC, umukuru w’igihugu Paul KAGAME yashimiye umukuru w’igihugu Yoweri Kaguta MUSEVENI kuvyo yaranguye mu myaka ibiri iheze arongoye uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko, amenyesha ko yiteguriye gufashanya n’abayobozi bagenzi we mu gufasha abanyagihugu ba Afrika y’ubuseruko gushika kw’iterambere, mu gukuraho inzitizi zihari zibera intambamyi iterambere ry’uwo muryango.

Ingingo ya 12 y’amasezerano ashiraho umuryango wa Afrika y’ubuseruko iteganya ko ubuyobozi bw’uwo muryango bumara umwaka umwe gusa, bugahererekanwa hagati y’ibihugu bigize uwo muryango.

Tags
Show More

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Close