Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abantu 108 nibo bamaze guhitanwa n’amasanganya mu mezi atanu aheze

Ubushikiranganji bw’umutekano bwemeza ko mu mezi atanu aheze, ni ukuvuga kuva mu kwezi kwa Nyakanga umwaka uheze gushika muri Nzero 2019 habaye amasanganya yo mw’ibarabara arenga igihumbi ayo nayo akaba yahitanye abantu bagera kw’ijana n’umunani (108), abagera ku 832 nabo barakomereka.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, umwunganizi w’umushikiranganji w’umutekano yamenyesheje ariko ko ivyo bitigiri vy’abahura n’amasanganya vyagabanutse agereranije n’igice ca kabiri c’umwaka w’2018.

CP Serges NTAKAVURA avuga ko kuri ayo masanganya, amwe mu madosiye yamaze gushikirizwa ubutungane : “Kuri ayo masanganya, amadosiye 509 yarakozwe arashikirizwa ubutungane mu gihe amadosiye 488 agitohozwa.”

Umwunganizi w’umushikiranganji w’umutekano avuga ko ayo masanganya agenda aragabanuka, bitewe n’ingingo z’ubushikiranganji bw’umutekano zijanye n’ugufata hamwe n’uguhagarika n’ukwaka impapuro z’ukugendesha imiduga zaje gusahiriza itegeko rigenga uruja n’uruza mu mabarabara.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS