Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abantu 15 batswe impusha z’ukugendesha imiduga mu ndwi imwe

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko muri iyi ndwi isozerwa kuri uwu w’Imana, abantu bagera kuri batanu aribo batswe impusha z’ukugendesha imiduga, hisunzwe itegeko rishasha ry’umushikiranganji ryongereza ibihano ku bantu bakora amakosa atandukanye ajanye n’ukutubahiriza amategeko yo mw’ibarabara (Code de la route).

Ubushikiranganji bw’umutekano bwemeza ko mu mezi atanu aheze, ni ukuvuga kuva mu kwezi kwa Nyakanga umwaka uheze gushika muri Nzero 2019 habaye amasanganya yo mw’ibarabara arenga igihumbi, ayo nayo akaba yahitanye abantu bagera kw’ijana n’umunani (108), abagera ku 832 nabo barakomereka.

Mu kiganiro aheruka guha abamenyeshamakuru, umwunganizi w’umushikiranganji w’umutekano yamenyesheje ariko ko ivyo bitigiri vy’abahura n’amasanganya vyagabanutse agereranije n’igice ca kabiri c’umwaka w’2018.

CP Serges NTAKAVURA avuga ko kuri ayo masanganya, amwe mu madosiye yamaze gushikirizwa ubutungane : “Kuri ayo masanganya, amadosiye 509 yarakozwe arashikirizwa ubutungane mu gihe amadosiye 488 agitohozwa.”

Umwunganizi w’umushikiranganji w’umutekano avuga ko ayo masanganya agenda aragabanuka, bitewe n’ingingo z’ubushikiranganji bw’umutekano zijanye n’ugufata hamwe n’uguhagarika n’ukwaka impapuro z’ukugendesha imiduga zaje gusahiriza itegeko rigenga uruja n’uruza mu mabarabara.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS