Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abantu babiri bagirizwa ko bakorana n’uwiyita Général Evariste Ndayishimiye bafashwe

Abantu babiri bagirizwa ko ari abasuma biba bakoresheje urwege (Escroquerie) bapfungiwe mw’igendereza i Bujumbura, bakaba bafashwe kw’igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2019. Abo bafashwe bagirizwa ko bakorana n’umuntu apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, uwo nawe mu kwiba abantu akaba yiyitirira Général Evariste Ndayishimiye umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bantu bakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi bwa “Facebook”, mu kwiba abanyagihugu. Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano :

“Igenekerezo rya 4 ukwezi kwa kabiri ngaha mu gisagara ca Bujumbura, abajejwe umutekano barafashe abagabo babiri, abo nabo bakaba bagirizwa kwiba bakoresheje amaterefone nabwa buhinga ngurukanabumenyi. Uwiyita Patiri Emmanuel, ariko si umupatiri, asanzwe ari inkozi y’ikibi ikora ibi nyene vyo kwiba, isanzwe mbere uno munsi ipfungiwe mu Mpimba, yaterefonye umunyagihugu w’umurundi yitwa Bikorimana Jean Claude asanzwe aba mu gihugu ca Malawi, amuterefona amubwira y’uko ari Général Ndayishimiye Evariste asanzwe arongoye umugambwe uri ku butegetsi ngaha mu Burundi amubwira ati nashaka ko wewe uza ngaha mu Burundi kugira dukorane urudandazwa rw’ibintu vy’inzahabu, unyaragase, kandi uze uzanye amafaranga y’amadorare ibihumbi mirongo itanu.”

Petero Nkurikiye avuga ko uwo munyagihugu amaze gushika mu Burundi yasanze abo bantu bashobora kuba ari abasuma, ariko abandanya kuvugana n’abari bamutumyeko. Ntiyashobora kubonana amaso mu yandi n’uwo ari mu Mpimba yiyita Général Evariste Ndayishimiye, nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi :

“Ashitse ngaha mu Burundi, kubera ko uyo yiyita Patiri Emmanuel atashobora kuva mu Mpimba kugira aze babonane bavugane, yaciye amurangira abandi babiri bakorana ubwo bubisha nyene, aribo baba tuberetse, Riragendanwa Gerard na Ngabonziza Elisha kugira babe aribo bavugana, aca amubwira ati izi nizo ntumwa zanje, kuko jewe ndongoye umugambwe uri ku butegetsi ntidushobora guca tubonana ubwo nyene.”

Abo rero barabonanye n’uwo muntu yari avuye muri Malawi, bamusaba amadorare agera ku bihumbi bitandatu kugira bavugane ingene uwo mugambi w’ukudandaza inzahabu uzokorwa, nk’uko vyemezwa na Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano. Uwo avuye muri Malawi yari yatabaje abajejwe umutekano, baciye bafata babiri muribo, abandi bari kumwe n’uwo murwi w’abiba bakoresheje urwege barashoboye kwiruka, bakaba bariko bararonderwa n’igiporisi.

Mu giporisi c’Uburundi bahamagarira abanyagihugu kugaba, birinde ababahenda ku mbuga ngurukanabumenyi bashizeko amafoto (Profil) y’abategetsi bakomeye mu Burundi, nk’umukuru w’igihugu, umutambukanyi wiwe, umukuru w’inama nshingamateka, umukuru w’inama nkenguzamateka, umuhuza w’abarundi, n’abandi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS