Amakuru AgezwehoBurundi

Abantu babiri bariko bariba barashwe n’abaporisi

Abantu babiri bapfuye barashwe n’abaporisi mu gatondo ko kuri uwu gatanu muri zone ya Rohero, igisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko nk’igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo ine n’itanu, kw’ibarabara ryitiriwe uwa mbere Munyonyo (Boulevard du 1er Novembre), abantu babiri bariko bimba ahari amabateri atanga umuyagankuba w’imisharara y’izuba (batteries des panneaux solaires), kugira bayibe. Muri uwo mwanya, abaporisi barashe amasasu yaciye ahitana abo bantu babiri.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko ibiziga vy’abo bantu vyaciye bitwarwa mu buruhukiro.

Tags
Show More

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Close