Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abantu batatu bapfungiwe mu giporisi i Bujumbura bagirizwa ubusuma bwabereye mu Gisuru

Abantu 3 bari mu murwi w’abantu 8 wategeye wongera wiba umugore azwi kw’izina rya Melaniya Nduhirubusa barafashwe n’igiporisi c’Uburundi. Ubwo busuma bwabereye muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi, uwo yibwe akaba yari agiye mw’isoko mu gihugu ca Tanzaniya. Abo bagirizwa ubwo busuma berekanwe n’igiporisi c’Uburundi kuri uwu wa kabiri, aho bapfungiwe mu gasho k’igiporisi i Bujumbura.

Moise Nkurunziza icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano ashikiriza ko uwo mugore yibwe amashiringi angana ibihumbi 2060 vy’amatanzaniya, bakaba bafashwe inyuma y’aho uwo mugore atabaje abajejwe umutekano b’Uburundi bakoranye n’abo mu gihugu ca Tanzaniya mu gufata abo basuma.

“Uwo muntu yaranyarukije aratabaza abajejwe umutekano, mbere baca barakorana n’igihugu kibanyi ca Tanzaniya. Ako karwi kahavuye kabura aho gaca mu gihugu ca Tanzaniya kagaruka mu gihugu cacu c’Uburundi. Bamaze kugaruka mu gihugu cacu bageze muri komine Kinyinya baragerageje kurasana n’abajejwe umutekano, aho muri abo hapfuyemwo batatu. Muri uwo mwanya nyene haciye hafatwa abandi batatu bo muri uwo murwi aribo Pfagutunga Jackson, Nasaro Jackson, hamwe na Ntirampeba.”

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko muri iyi munsi hibonekeza imirwi yitwaje inkoho itera imiryango, mbere bagatera n’abajejwe umutekano. Moise Nkurunziza icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano aragabisha abakora ubwo bugizi bwa nabi, akababwira ko igiporisi citeguriye gutuza burundu imirwi nk’iyo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS