Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abantu batatu nibo bafashwe ku bwicanyi bwabereye mu Gatumba

Abantu batatu nibo bafashwe mu matohoza ariko arakorwa n’igiporisi c’Uburundi, ku bwicanyi bwakorewe abantu bane mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu muri zone ya Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura.

Abo bafashwe bagizwe n’umuporisi yishe arashe abantu bane, uwundi muporisi mugenzi we yagirizwa ko yifadikanije nawe mu gukora ubwo bwicanyi, hamwe n’umwigeme yari kumwe n’uwakoze ico caha, mu bunywero bita “Bar Ku Mbingo” buri muri iyo zone ya Gatumba.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu w’Imana, inyuma y’amasaha make ubwo bwicanyi bubaye, Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano yamenyesheje ko abafashwe bamaze gushikirizwa ubutungane kugira baciribwe urubanza rw’ikibiriraho.

Petero NKURIKIYE yashikirije n’uko vyagenze, aho mu bunywero “Bar Ku Mbingo” :

“Ukungene vyagenze, uwo muporisi yaraje ubwa mbere muri ako kabare, hanyuma arashwana n’abantu, abari ngaho barababanguranya, baramubwira ko yobiheba agende. Baca babona arasohotse bakibaza y’uko biheze, kumbe yaciye agenda kwambara impuzu z’igiporisi hamwe n’ukuzana inkoho. Agarutse ashitse muri ico kirabo, ico yakoze yaciye yugurura umucanwa arasa haca hapfa abantu bane, harimwo umuporisi mugenzi we yariko aragerageza kumubuza gukora iryo bara, hamwe n’abandi banyagihugu batatu bari muri ico kirabo.”

Ubushikiranganji bw’umutekano buranegura iyo nyifato igayitse y’umuporisi yagandaguye abanyagihugu yari ajejwe gukingira, muri ubwo bushikiranganji bagahoza n’imiryango y’ababuze.

Abantu bane bagizwe n’umuporisi umwe hamwe n’abanyagihugu batatu bishwe barashwe amasasu mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, muri zone Gatumba, mu bunywero bita “Bar Ku Mbingo”. Abo bantu bishwe barashwe n’umuporisi w’Uburundi.

Amasasu yahitanye abo bantu bane yumvikanye nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, mu giporisi c’Uburundi bakamenyesha ko ari umuporisi w’Uburundi azwi kw’izina rya APC NIZIGIYIMANA Léopold yarashe mugenzi we w’umuporisi APC MAGENGE Léopold, n’abandi banyagihugu batatu bari muri ubwo bunywero. Abo bantu bose uko ari bane baciye bitaba Imana aho nyene, n’abandi bane nyene barakomereka.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS