Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abantu barenga ibihumbi 72 bafise ico bazi ku bwicanyi bwakozwe mu Burundi nibo bamaze kwitura umurwi CVR

Abantu bagera ku 72961 nibo bamaze kwumvirizwa n’umurwi w’igihugu CVR ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi kuva mu mwaka w’2016, muri uwo murwi bakaba bamenyesha ko bariko barategura ikindi kiringo c’ukwakira hamwe n’ukwumviriza abantu bose bafise ico bazo canke babonye ku bwicanyi n’ubundi bugizi bwa nabi bwakoze muri kahise mu Burundi.

Muri uwo murwi baratanguye kuja mu ntara zose gusigurira abanyagihugu ibijanye n’ico gikorwa gishobora kuzotangura mu mpera z’uku kwezi kwa gatatu.

Aloys BATUNGWANAYO, umwe mu bakomiseri bagize umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe CVR avuga ariko ko Abarundi badashobora gusubiza hamwe mu gihe ico gikorwa kitojanirana n’ugutunganya imitima yatuntuye kubera ubwicanyi hamwe n’ubugizi bwa nabi bwabaye muri kahise k’Uburundi.

BATUNGWANAYO asigura ko mu mateka n’imico n’imigenzo y’abarundi, iyo umuntu yabuze uwiwe, agapfa atagaraguye, hanyuma ntagire n’imigirwa y’ukugandara n’uguhamba, gutanga amasuka n’ukuganduka, agumana agahinda, ivyo navyo bigatuma abarundi badashobora gusubiza hamwe.

Ku bwiwe, ivyo bikorwa vy’ugusubiza hamwe Abarundi vyokorerwa rimwe n’ugutunganya imitima yatuntuye, kuko gufasha abantu kuvuga ivyabashikiye, kugandara n’ukuganduka, arikwo kurondera ukuri.

“Abantu hano mu Burundi umwe wese afise ikintu camutuntuje, mu mahano yabaye mu munsi umwe, umuryango wose canke umuntu umwe ku giti ciwe afise ukuntu yatuntuye. Ivyo rero mu kubitunganya, abo bantu ni ukugerageza kubareka bakavuga uko vyabagendeye, hanyuma tukabaha urupfasoni bariko baravuga, ntitubaciremwo canke ntitubaburabuze, kugira tubereke ko ari abantu kuko igihe batuntura babuzwa kuvuga, babuzwa kugandara, kuganduka, imigirwa isanzwe iriho y’uguherekeza umuntu wiwe canke bakabura ndetse n’uwo baganyira.”,   uko niko Aloys BATUNGWANAYO wo mu murwi w’igihugu CVR ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe abishikiriza, aho atanga nk’akarorero k’umukenyezi yafashwe ku nguvu akabura uwo aganyira aguma atuntuye ku mutima.

“Abashikiwe n’ivyo, bamenye ko bashobora kugandara n’ukuganduka, bagashira amashurwe ahantu bazi canke bikeka ko baburiwe ababo, ivyo bizotuma abantu bashobora gusubiza hamwe.”

Kuri uwu wa kabiri, abanyagihugu bo mu ntara za Mwaro na Makamba, Rumonge nibo bazosigurirwa ibijanye n’ico gikorwa kiriko kirategurwa c’ukwakira abandi bafise ico bazo canke babonye ku bwicanyi n’ubundi bugizi bwa nabi bwakoze muri kahise mu Burundi.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS