Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abantu icenda bagirizwa ubwicanyi bwabereye mu Ruhagarika bazokwumvirizwa mu butungane kuri uwu wa kabiri

Abantu icenda bagirizwa ubwicanyi bwahitanye abantu 26 bo ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda intara ya Cibitoke bazokwumvirizwa mu butungane kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 14 Rusama 2019 imbere ya Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.

Agnes Bangiricenge avugira Sentare ntahinyuzwa yabwiye Mashariki TV ko abo icenda bagirizwa ubwo bwicanyi bagizwe n’umusirikare umwe hamwe n’abanyagihugu basanzwe umunani (Huits civils).

Abo bantu barengukishijwe mu butungane inyuma y’aho umurwi w’amatohoza wari washizweho n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika usozereye igikorwa wahawe. Urubanza rwabo rukazosasa kuri uwu wa kabiri igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itatu, Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.

Abantu 26 nibo bagandaguwe n’umurwi w’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 11 Rusama 2018 ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda intara ya Cibitoke, abandi indwi barakomereka.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS