Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abanyarwanda basabwe guheba ingendo bahora bakora mu Burundi

Mu gihe imigenderanire isanzwe itifashe neza hagati y’Uburundi n’Urwanda, abajejwe umutekano mu gihugu c’Urwanda basaba abanyagihugu b’ico gihugu begereye urubibe rw’Uburundi, kwirinda icotuma bakora ingendo baja mu Burundi.

Mu kiganiro cahuje ku munsi wa gatatu w’indwi iheze umukuru w’igisirikare mu ntara y’ubuseruko harimwo n’igisagara ca Kigali, Général Mubarak Muganga, ari kumwe na Buramatari w’iyo ntara hamwe n’abanyagihugu, abo bayobozi basiguye ko ata mpamvu n’imwe ihari yotuma abanyarwanda baja mu Burundi, mu gihe umubano hagati y’ivyo bihugu vyompi utifashe neza.

Général Muganga Mubarak yamenyesheje ko asavye abo banyagihugu guheba ingendo bahora bakora mu Burundi, ariko ku ruhande rw’abo bakemeza ko bari basanzwe barahevye izo ngendo.

Mwomenya ko kuva umubano w’Uburundi n’Urwanda wononekaye mu 2015 aribwo bwa mbere abajejwe umutekano ku rwego rwo hejuru bashikirije ku mugaragaro ko abanyarwanda boheba kuza mu Burundi.

Reta y’Uburundi ivuga ko ifise ibimenyetso bikwiye vyerekana ko igihugu c’Urwanda gifise uruhara mu bikorwa vyo guhungabanya umutekano mu gihugu c’Uburundi

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS