Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abanyeshure 25 ba Kaminuza Ntare Rugamba bari bafashwe n’igiporisi barekuwe

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko abanyeshure bagera kuri 25 bari bafashwe ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu barekuwe, inyuma y’amasaha make bamaze bapfungiwe mu giporisi kijejwe amatohoza (PJP : Police Judiciaire des Parquets). Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano ashikiriza ko abo banyeshure barekuwe ku mugoroba w’uwo munsi wa gatatu nyene.

Abo banyeshure bafashwe n’igiporisi, mu gihe bari bugarije ahakorera ubuyobozi bwa Kaminuza yitiriwe Ntare Rugamba, basaba ko bohabwa inyishu z’ibibazo bafise.

Abanyeshure biga mu gisata ca “Génie civile” kuri Kaminuza yitiriwe Ntare Rugamba bahagaritse ivyigwa kuva kuri uwu wa gatatu, bakaba basaba ko bosigurirwa umwaka w’ishure ugira kane babwiwe ko bazokwiga, kandi bai bazi ko bariko biga inyigisho z’imyaka itatu, nk’uko amategeko abivuga.

Abo banyeshure bavuga ko bamaze kwandikira amakete kenshi ubuyobozi bw’iyo Kaminuza, ariko bakemeza ko badahabwa inyishu.

Kuri uwu wa gatatu, bari bishikiye bose kuri iryo shure, basaba ko bosigurirwa iyo ngingo iherutse gufatwa n’ubuyobozi bw’iyo Kaminuza. Umwe muribo avuga ati :

“Twaje ngaha kuri iri shure batubwira ko dutegerezwa kwiga imyaka itatu, ariko kugeza kuri uno munsi badutegetse kwiga imyaka ine, kuva baboneye ko bagiye ku rutonde rw’ama Kaminuza ahagaritswe kwakira abanyeshure bo mu mwaka mushasha w’ishure. Twebwe twasaba ko bodutunganiriza tukiga imyaka itatu yemewe n’amategeko.”

Abaserukira abo banyeshure bamenyesha ko iyo ngingo yafashwe yabatangaje, kuko bari bazi ko basigaje iminsi mike kugira basozere umwaka wa gatatu, ariwo wa nyuma. Ku bwabo, ubuyobozi bwa Kaminuza yitiriwe Ntare Rugamba buriko bubaronderako amafaranga.

Abo banyeshure bashikiriza kandi ko bitumvikana ingene uretse ko batahawe inyishu, ubwo buyobozi bwahisemwo ahubwo guhana bamwe mu babaserukira.

Batanu muribo birukanwe n’ubuyobozi bw’iyo Kaminuza, nk’uko biri mu rwandiko rwateweko umukono n’umuyobozi wa Kaminuza yitiriwe Ntare Rugamba, umwaka w’ishure w’2017 ushira uw’2018 ukaba wafuswe kuri abo banyeshure batanu bari mu baserukira abandi, bo mu gisata ca “Génie Civile”

Ntiturashobora kuronka ubuyobozi bwa Kaminuza yitiriwe Ntare Rugamba, kugira bagire ico bashikirije kuri ico kibazo c’abanyeshure.

Kaminuza yigenga Ntare Rugamba iri mu zugawe n’ubushikiranganji bw’inyigisho za Kaminuza, ikaba itarekuriwe gusubira kwakira abanyeshure bashasha. Iyo Kaminuza hamwe n’izindi zafatiwe ibihano zisabwa guherekeza abanyeshure batanguye kuzigako gushika bahejeje amashure.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS