Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abanyeshure bafise ibicapo “Tataouge” ku mubiri bagiye guhanwa

Ubushikiranganji bw’inyigisho mu Burundi bugiye gutangura guhana abanyeshure bo mu mashure yisumbuye yaba aya Reta canke ay’abikorera ivyabo bazofatwa bishizeko ibicapo ku mubiri, ivyo bita “Tatouage” mu rurimi rw’igifaransa.

Mw’ikete ubwo bushikiranganji bwasohoye, umushikiranganji Janvière Ndirahisha yamenyesheje ko bimaze kwibonekeza ko hari abanyeshure bafise ivyo bicapo kuri bimwe mu bihimba vy’umubiri, ivyo navyo bikaba bihanwa mw’itegeko rigenga amashure mu Burundi, mu ngingo ya 28 agace k’indwi. Muri ubwo bushikiranganji babwira abanyeshure bafise ivyo bicapo ko bagiye kwirukanwa mu mashure.

Umushikiranganji Janvière Ndirahisha aragabisha kandi n’abanyeshure bambara impuzu ziteye isoni, hamwe abigeme barenza urugero mu kwisiga (Maquillage).

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS