Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abanywanyi batatu b’ishirahamwe PARCEM bahora mw’ibohero barekuwe

Inyuma y’amezi atatu bejejwe n’ubutungane bw’Uburundi, abanywanyi batatu baserukira ishirahamwe PARCEM mu ntara ya Muramvya barekuwe kuri uwu wa kane, abo banywanyi n’aho barekuwe bakaba batabwiwe igituma bamaze ayo mezi atatu yose mu munyororo kandi bari bambitswe izera.

Abo banywanyi bose uko ari batatu bari bafashwe bagirizwa ko bashatse guhungabanya umutekano w’igihugu, bakaba bari basabiwe ugupfungwa imyaka iri hagati y’itatu hamwe n’imyaka cumi.

Faustin Ndikumana, umukuru w’ishirahamwe PARCEM arashima ko abo banywanyi barekuwe, ariko akanegura ivyo avuga ko hari abantu badakorera mu gisaga c’ubutungane mugabo bivanga mu bikorwa vy’abacamanza, bigatuma ingingo z’ubutungane ziteba gushirwa mu ngiro.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS