Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abapasitori 106 b’ishengero Adventiste bituye umuhuza Edouard Nduwimana

Abapasitori bagera kw’ijana na batandatu barongoye amashengero y’aba Adventistes mu Burundi bwose bituye umuhuza w’abarundi kuri uwu wa mbere, bamusaba ko yobafasha gutora inyishu z’amatati ajanye n’uburongozi bw’ayo mashengero mu gihugu c’Uburundi.

Abo bapasitori bagiriza uwitwa Joseph Ndikuriyo ko yanse gutanga imihoho mu burongozi bw’amashengero ya Adventiste ku rwego rw’igihugu.

Abo bituye umuhuza w’Abarundi bavuga ko uwo Joseph Ndikuriyo yanse gutanga imihoho mu gihe urwego rw’ayo mashengero rubijejwe rwamukuye muri ayo mabanga, bamwagiriza amakosa atandukanye, akaba mbere yaratswe n’urwo rwego, ukuba Pasitori.

Epimaque Niyonizigiye, umwe muri abo bapasitori bituye umuhuza w’abarundi yizeye ko ico kibazo cabo cashikirijwe umuhuza kigiye gutorerwa inyishu :

“Yadusezeraniye ko vuba cane iki kibazo gishobora kuva mu nzira, maze ishengero rikayoborwa n’umuyobozi yashizweho n’ishengero, aho kuyoborwa n’umuyobozi yashizweho na Reta. Akajagari kenshi gakunda kuboneka iyo ubwo buyobozi bwakuweho, bukanka kuvaho, ndetse n’umuyobozi akaguma mu biro, agashirako n’amagufuri.”

Iyo ngingo y’ukumukura mu burongozi yafashwe kuva mu kwezi kwa Munyonyo 2018, ariko abo bituye umuhuza w’abarundi bakavuga ko gushika ubu uwo yabogojwe ataratanga imihoho.

Umuhuza Edouard Nduwimana yahaye isango ryo ku munsi wa kane abo bapasitori kugira bazogaruka ikibazo cabo cigwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS