Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abarovyi 18 bari bafashwe n’igisirikare c’Urwanda barekuwe

Abarovyi 18 b’Abarundi bari bafashwe n’igisirikare c’Urwanda bashikirijwe abajejwe intwaro mu Burundi, basubira mu miryango yabo.

Abo barovyi bari bagizwe na 12 bo mu ntara ya Kirundo, hamwe na batandatu bo mu ntara ya Muyinga.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo barovyi b’Abarundi bari bafatiwe mu kiyaga Rweru mw’ijoro ryo kuwa mbere rishira uwa kabiri Ruhuhuma 2019, bafatwa n’abasirikare b’Urwanda bakorera mu mazi (Marine rwandaise).

Igihugu c’Urwanda kivuga ko abo bantu bari bafashwe kubera binjiye ku butaka bw’Urwanda batabifitiye uruhusha.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS