Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abarundi baba mu bindi bihugu babwiwe ko bazoshobora gutora mu 2020

Umurwi w’igihugu ujejwe amatora CENI uvuga ko Abarundi baba mu bindi bihugu bazoshobora gutorera aho basanzwe baba, mu matora yimirije mu mwaka w’2020. Muri uwo murwi basaba abegwa n’amatora bose kwirinda imvugo zikomeretsa abandi, hamwe n’ukutumvikana.

Mu nama yagiranye kuri uwu wa kabiri n’abarongoye amashirahamwe yifuza kuzoba indorerezi mu matora yo mu 2020, Petero Karaveri Kazihise arongoye umurwi CENI yamenyesheje ko Abarundi bari mu bindi bihugu bazoshobora gutora, ariko ivyo bikazoshoboka ku basanzwe bafise ubuserukizi bw’Uburundi mu bihugu babamwo.

Mwomenya ko Uburundi bufise ubuserukizi bugera kuri 33 mu bihugu bitandukanye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS