Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwemeza ko iyugarwa rya BBC ritazotosezekaza imigenderanire y’Uburundi n’amakungu

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu buhamagarira abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi kuza baritura ubwo bushikiranganji mu gihe bafise ikibazo.

Inyuma y’inama yahuje kuri uwu wa gatanu abaserukira ibihugu vyabo hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi, Sonia Niyubahwe, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje ko iyo nama yari iyo guha amakuru abo baserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu.

“Mu bikorwa vy’ubushikiranganji harimwo kubamenyesha amakuru. Iyo rero baronse amakuru y’ibiriko birabera mu gihugu, barabinezerererwa cane, kuko baca bumva y’uko turiko tugenda tuvyumva kumwe. Ibiriko birabera mu Burundi n’ivyo bafise mu mitwe iwabo, kugira dushobore kuvyumva kumwe. Aho bumva bafise ico bobaza bakakibaza ubushikiranganji bukabishura canke aho bumva bafise amakenga, nayo bakayashikiriza ubushikiranganji bukabaha umuco ukwiye.”

Sonia Niyubahwe amenyesha kandi ko kubona amaradiyo mpuzamakungu BBC n’Ijwi rya Amerika yarugawe mu Burundi, bitazotosezekaza imigenderanire y’Uburundi n’amakungu.

“Icerekeye ko amaradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika yoba yarugaye, ico ni ikintu cakozwe ngaha mu Burundi kandi babibamenyesheje gusa n’aho bari basanzwe babizi. Nabo ico bashobora kubivugako barashobora kubaza Reta y’Uburundi bati vyagenze gute, ico naco inyishu iratomoye. Iyo iradiyo irenze amategeko y’igihugu c’Uburundi, ni ibisanzwe ko Uburundi bukoresha amategeko ahari kugira buhane canke buhanure. Kandi iyo hagize iradiyo yugara, ntibisigura ko umwidegemvyo w’ukumenyesha amakuru uba uvuyeho. Ingene ivyo bihugu bikorana na Reta y’Uburundi birafise uko bikorana n’inzira bicamwo.”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS