Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abashaka gusubirira abahejeje ikiringo muri CNIDH batumweko

Inama nshingamateka y’Uburundi imenyesha Abarundi ko mu murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu hari ibibanza bitanu vy’abakomiseri bikenewe ko basubirizwa. Abo bagiye gusubirizwa akaba ari abahejeje ikiringo cabo. Inama nshingamateka ihamagarira abipfuza kuja muri ivyo bibanza ko bokwitura umurwi w’inama nshingamateka washinzwe igikorwa c’ukuraba abakwije ibisabwa.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Alexis Badian Badian NDAYIHIMBAZE, umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi, uwipfuza guhiganirwa ivyo bibanza asabwa kuba ari umurundi, kuba ashikana imyaka mirongo itatu (30) n’iyirenga, kuba afise amateka y’ubwigenge na poritike yose yemerewe umwenegihugu, kuba utagirizwa guhungabanya agateka ka zina muntu no kurenga amategeko kiretse uwagirizwa icaha kitamuvuyeko, kuba udafise urwego na rumwe rwa poritike wegamiye, kuba utarigera uhagarikwa na rimwe mu kazi.

Nk’uko vyashikirijwe na Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, inama nshingamateka ibwira abipfuza guhiganirwa ivyo bibanza ko bategerezwa kuba bashoboye kuvuga n’ukwandika neza cane ikirundi, kuvuga n’ukwandika neza igifaransa, kumenya ururimi rw’icongereza koba akarusho.

Dosiye y’uwushaka guhiganirwa ivyo bibanza izoba arimwo ikete ryanditswe n’iminwe ritarenza impapuro zibiri rigenewe umukuru w’umurwi washizweho n’inama nshingamateka, urupapuro rwerekana ivyo umuntu yaranguye, ifotokopi y’ikarata ndangamuntu, urupapuro rw’umwidondoro, urupapuro rwerekana inyifato n’imico, urupapuro rwemeza ko adakurikiranwa n’ubutungane. Ku bava mu mashengero n’amadini basabwa ikete ryemeza ko barungitswe n’indongozi zayo, hamwe n’abantu batatu bazi neza uwuhiganirwa ico kibanza (amazina, akazi barangura, terefone hamwe na E.Mail).

Amabahasha yugaye neza yanditseko “Candidature au poste de Commissaire membre de la CNIDH” azoshirwa mu gasandugu kugaye kazoba kari kw’irembo ry’ikigo c’ahari ingoro y’amakoraniro mu Kigobe, ku misi y’akazi kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 31 Nzero gushika ku munsi wa kane igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2019, kuva isaha imwe n’igice z’agatondo gushika isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo itatu z’umuhingamo.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS