Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abashingamateka bafise amakenga ku mafaranga yagenewe gufungurira abaporisi

Umurwi wamaho mu nama nshingamateka ujejwe ibibazo vy’umutekano wagaragaje amakenga yawo, ku mafaranga y’ugufungura ku munsi yagenewe umuporisi w’Uburundi ari make, aho akaba ari mu gihe uwo murwi w’abashingamateka wasanze umuporisi wese yandikiwe gufungura amafaranga y’amarundi 830.

Mu cegeranyo uwo murwi washize ahabona kuri uwu wa kabiri, inyuma y’urugendo wagize mu makambi y’abaporisi ari mu gisagara ca Bujumbura, abo bashingamateka bamenyesheje ko ayo mafaranga ari make bagereranije n’ibiguzi vy’ibifungurwa kw’isoko.

Umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI yasiguriye abashingamateka ko ayo mafaranga atari make, kuko ari ayo bakoresha mu bindi vya nkenerwa mu gufungura, kuko basanzwe bahabwa ibiharage n’umuceri.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS