Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abasirikare 600 b’Abarundi bakiri muri Somaliya bagiye gutahukanwa

Igisirikare c’Uburundi cemeye gushira mu ngiro ingingo yafashwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika y’ugutahukana abasirikare b’abarundi bagera ku gihumbi bari mu gihugu ca Somaliya. Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko muri abo igihumbi, abagera ku majana atandatu bari bakiri muri Somaliya bagiye gutahuka vuba.

Mu gihe ikiringo catanzwe n’ubumwe bwa Afrika kugira abo basirikare babe batahukanwe caheze hari abakiriyo, Colonel Floribert Biyereke avugira igisirikare c’Uburundi ashikiriza ko mu vyatumye iyo ngingo iteba gushirwa mu ngiro ari kubera ababijejwe basanze bobanza gusubiramwo ingene abasirikare bapanze ku rubuga rw’intambara mu gihugu ca Somalia :

“Gufata ingingo ni kimwe, gushira mu ngiro ingingo iba yafashwe ni ikindi kintu kibanza gukorwa, gikorwa hisunzwe ingene ibintu biba bisanzwe bimeze. Rero vyarabonetse ko iyo ngingo imaze gufatwa bigoye kuyishira mu ngiro, nico gituma ubwa mbere habanje gutaha abasirikare bashika ku majana ane. Ico rero cakozwe babanje kuraba ingene abasirikare bapanze ku rubuga rw’intambara, kuko muri Somaliya ni mu ntambara. Hanyuma babigira bisunze kandi ivyasabwe na Reta ya Somaliya nyene, kuko yarasavye ko bitoba vyiza Abarundi baciye batahanya hatabanje kurabwa ko ata bintu vyononekara. Ukuntu ibikorwa biriko birabandanya ku bijanye n’umutekano w’abasomaliya. Rero abashika amajana atandatu basigaye muri Somaliya kubera impamvu y’akazi. Ivyo rero birazwi n’abatwara Somaliya, birazwi n’abatwara abasirikare muri AMISOM. Abo basirikare amajana atandatu bariteze gutaha. Mu minsi iri imbere bazoza muzobabona.”

Colonel Floribert Biyereke avugira igisirikare c’Uburundi abishikirije inyuma y’aho igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2019 ryari ryatanzwe ryaheze hagisigaye abasirikare b’Abarundi bagera ku majana atandatu bakiri muri Somaliya kandi bategerezwa kuba bamaze gutahukanwa mu Burundi. Ku gihumbi cavuzwe n’ubumwe bwa Afrika, abagera ku majana ane nibo bamaze gutahukanwa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS