Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abasirikare 600 bategerezwa kuba batashe mu Burundi baracari muri Somaliya

Abasirikare b’Abarundi 400 mu barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya nibo bamaze gushika mu Burundi, ku bagera ku gihumbi bategerezwa kuba batashe gushika kw’igenekerezo rya 28 z’uku kwezi kwa Ruhuhuma 2019, ni ukuvuga mu minsi ibiri, nk’uko ingingo y’inama y’ubumwe bwa Afrika ibivuga. Indege yari kuzana kuri uwu w’Imana uwundi murwi w’abo basirikare b’Abarundi ntiyafashe urugendo, kuko abarongoye ingabo z’Uburundi Mogadiscio zitashize mu ngiro iyo ngingo. Reta y’Uburundi yamenyesheje ko iyo ngingo irimwo akarenganyo, kuko abo basirikare igihumbi bari kuva mu bihugu vyose bifise ingabo muri Somaliya.

Abo basirikare amajana ane bamaze gutahuka mu Burundi bari mu mirwi ibiri, umwe washitse i Bujumbura ku munsi wa kane, uwundi murwi ushika ku munsi wa gatandatu. Umurwi ugira gatatu ntiwashoboye gutahukanwa kuri uwu w’Imana, nk’uko vyari bitegekanijwe. Floribert BIYEREKE umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi aremeza ayo makuru, ariko akaba adashima gusigura igituma urwo rugendo rugana i Bujumbura rwasivye.

Mw’ikete uwuserukira Uburundi muri Ethiopie yandikiye ku munsi wa gatatu w’indwi iheze umurwi w’ubumwe bwa Afrika ujejwe amahoro n’umutekano, Uburundi bwamenyesheje ko mu gihe iyo ngingo itosubirwamwo, ko hatotegurwa gusa itahukanwa ry’abo basirikare igihumbi b’Abarundi, ahubwo abasirikare b’Abarundi bose.

Amakuru atangwa n’abegereye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika avuga ko abakuru b’ibihugu bifise ingabo muri Somaliya boba batanguye kwiga ico kibazo, bikavugwa ko Uburundi bushobora kubwirwa ku mugaragaro ko gushika kw’igenekerezo rya mbere Ntwarante 2019, AMISOM izofata nk’iyitazi abo basirikare 600 bazoba bakiri muri Somaliya kandi bategerezwa kuba batahukanwe mu Burundi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS