Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abasirikare bane b’intwazangabo bagirizwa urupfu rwa Prezida NDADAYE barengutse mu butungane

Abahoze ari intwazangabo zo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi barengutse kuri uwu wa kane muvyo bita « Chambre de conseil » ya Sentare ntahinyuzwa mu ntara Gitega, kugira ubutungane burabe ko bobandanya baburana bapfunzwe canke bidegemvya.

Abarengutse ni bane aribo Général Célestin NDAYISABA batazira “Kibadashi”,  Colonel Anicet NAHIGOMBEYE, Colonel Laurent NIYONKURU, hamwe na Colonel Gabriel GUNUNGU.

Bose bagirizwa kwica umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE hamwe na bamwe mu bafasha biwe bari muri Reta yo mu mwaka w’1993, bakaba barengutse baherekejwe n’ababafasha kuburana.

Ingingo y’uko bobandanya kuburana bapfunzwe canke bidegemvya izomenyekana mu masaha 48, ni ukuvuga inyuma y’iminsi ibiri.

Kw’igenekerezo rya 17 Kigarama 2018, ubutungane bw’Uburundi bwarahagaritse abantu bane bagirizwa ko bari mu bateguye bongera bashira mu ngiro iyicwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE hamwe na bamwe mubo bafashanya kaurongora Uburundi. Aho twobabwira Pontien KARIBWAMI yari umukuru w’inama nshingamateka, icegera ciwe Jules BIMAZUBUTE, hamwe na bamwe mu bagize Reta y’ico gihe yari irongowe n’umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’Abarundi.

Uwuza kw’isonga mu bantu 17 baronderwa n’imitahe mpuzamakungu yasohowe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repubirika kw’igenekerezo rya 24 Kigarama 2018,  ni Major Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi. Mu mwaka w’1993, niwe yabisikanije ku butegetsi na Ndadaye Melchior yagandaguwe inyuma y’amezi atatu gusa atsinze amatora. Mu mwaka w’1996, Petero BUYOYA yarahiritse ubutegetsi, abusubiza inyuma y’imyaka itandatu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS