Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abasuma biba kandi bakica abatwara amapikipiki basubiriye kwibonekeza

Igiporisi c’Uburundi kiragabisha abakoresha amapikipiki mu kwunguruza abantu ko hasubiriye kwibonekeza abasuma biba amapikipiki, bakongera bakica abayakoresha. Mu giporisi bavuga ko ubwo bugizi bwa nabi bwaheruka kwibonekeza mu mwaka uheze w’2018, aho hariho abakora ubwo bwicanyi ku batwara amapikipi, cane cane abo mu ntara za Muyinga, na Ngozi, aho abo bagizi ba nabi bahenda abo bunguruza ipikipiki, bakabatwara mu Kirundo, bagaca babicirayo, bakongera bakabiba amapikipiki.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano abishikirije inyuma y’aho hari abagabo babiri bafashwe n’igiporisi kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 12 Ntwarante 2019, bagirizwa ko bivye ipikipiki, bongera kandi bica bakubise agafuni uwayikoresha azwi kw’izina rya Elvis Nkurunziza.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uwo yunguruza ipikipiki yahenzwe ko agiye gutembera na mugenzi we i Muramvya :

“Ukungene vyagenze, itariki 8 z’ukwezi kwa gatatu, uwo Manirambona Claude yishe uwo muntu yaraje, amuhendahenda ngo ingo tudugane ruguru iwacu uje kudutemberera, baca baraduga. Bava kuri Gare du Nord, baca baragenda. Bashitse ku konga bita Cogo gatandukanya amakomine ya Mbuye na Bukeye, niho yaciye asanga mwenewabo w’uwo yari amutwaye, tukiriko turarondera, yiteguye afise agashoka, baca baramugandagura, hanyuma bamaze kumugandagura baciye bamutwara iyo pikipiki yiwe.”

Mw’isakwa ryakozwe ku rugo rw’uwo yagirizwa kwica uwugendesha ipikipiki, igiporisi cahatoye impusha zibiri z’ukugendesha imiduga z’uwitwa Ndayishimiye Jean aba muri zone ya Kinama mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’uruhusha rw’ukugendesha umuduga rwa Nizigiyimana Channel yavukiye mu Bukeye. Mu giporisi bakikeka ko izo mpusha zoba ari iz’abantu nabo nyene bishwe n’abo bagizi ba nabi.

Mu giporisi c’Uburundi basaba abakoresha amapikipi ko bokwitura inzego z’igiporisi igihe cose bamenye amakuru y’umwe muribo yoba yaburiwe irengero canke yibwe ipikipiki.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS