Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abazungu babiri badandaza ibiyayuramutwe bafashwe n’igiporisi c’Uburundi

Abanyamahanga bibiri umwe ava mu gihugu ca Brésil, uwundi ava mu gihugu ca Lettonie ariko aba mu gihugu c’Ubugiriki (Grèce) bapfungiwe mu gasho k’igiporisi kijejwe amatohoza mu gisagara ca Bujumbura, akaba ari inyuma y’aho bafatanwe ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa “Héroïnes” ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Petero Nkurikiye amenyesha ko abo banyamahanga babiri bariko bagerageza kwinjiza ivyo biyayuramutwe mu Burundi, babifashijwemwo n’abandi barundi babiri nabo nyene bafashwe n’igiporisi c’Uburundi.

“Ibiro bitatu vy’ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa “Héroïnes” bifise agaciro k’amafaranga y’amanyaburaya ashika ibihumbi amajatu na mirongo itandatu [umuriyaridi urenga w’amarundi] nivyo vyafashwe igenekerezo rya 20 z’ukwezi kwa gatatu harya ku kibuga c’indege ca Bujumbura, bifatwa n’abajejwe umutekano w’Uburundi. Babifatanye umunyamahanga yitwa Gilberto Fabio ava mu gihugu ca Brésil harya muri Amerika y’ubumanuko, uwo rero akaba yari abivanye muri ico gihugu ca Brésil abizanye ngaha kugira yakirwe n’abarundi basanzwe bakorana babiri, nabo nyene barafashwe. Ni uwitwa Juma Nahimana hamwe na Radjabu Ndayisenga. Uwo Juma Nahimana niwe yari yahawe ko aza kumwakira ngaha mu Burundi kandi yafashwe ariko aja ku kibuga c’indege kumutora, n’imodoka yari afise yarafashwe.”

Inyuma y’umunsi umwe uwo munyamahanga hamwe n’abarundi babiri bafashwe, mu giporisi c’Uburundi barafashwe uwundi munyamahanga agira kabiri, ava mu gihugu ca Lettonie ariko aba mu gihugu c’Ubugiriki (Grèce), nawe nyene akaba yafatiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura, mu giporisi bakamenyesha ko uwo ariwe yari afise igikorwa c’ukwakira ivyo biyayuramutwe vyafashwe, kugira abijane ahandi hantu.

Petero Nkurikiye avuga ivyo biyayura mutwe vyari vyanyegejwe ku buryo budasanzwe : “Bari bazanye igikarato kinini kirimwo igikoresho bakoresha mu gusukura mu nzu gishasha [aspirateur], bakavuga ko ari ba mukerarugendo baje ngaha mu Burundi, kandi ko baje bitwaje ico kintu nk’akaganuke bazaniye umurundi w’umugenzi wabo, mugabo mu gikarato cari gitekeye ico kintu niho bagiye baratabura baza barashiramwo kamwe kamwe muri tuno dupake, bagaca bahoma.”

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo bafashwe bagiye gushikirizwa ubutungane bw’Uburundi, bagasaba abajejwe umutekano hamwe n’abarundi bose kudasubira guhendwa n’urukoba rw’umuntu aje ari umuzungu, bakamubonamwo umugiraneza kandi ari inkozi y’ikibi.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS