Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abegwa n’amatora mu gihugu cose bagiye guhurira mu nama zitandukanye n’umurwi CENI

Umurwi CENI ujejwe gutegura amatora mu Burundi ugiye kubandanya isekeza watanguje mu gihugu cose ry’ugutunganya amanama azofasha abegwa n’amatora ku ngero zitandukanye, y’ukwibukanya n’uguhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ugutsimbataza intwaro rusangi.

Mu murwi CENI bamenyesha ku kuva kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza gushika kurya 3 Rusama 2019, umurwi CENI uzobandanya iryo sekeza ryatangurijwe i Bujumbura kuwa 12 na 12 Ntwarante 2019, mu gutunganya inganda y’uguhimiriza zizobera mu ntara no muma komine.

Izo nama zerekeye abakuru mu buzi butandukanye, abaserukira imigambwe, abarongoye amashirahamwe yigenga, abakenyezi bahurikiye mu mashirahamwe, hamwe n’urwaruka rukwije imyaka y’ugutora.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’umurwi w’igihugu CENI ujejwe gutegura amatora mu Burundi, izo nama zizoshimikira ku vyerekeye isano riri hagati y’intwaro rusangi, amatora n’amahoro, imvugo ibereye muri poritike, ingaruka mbi z’uruhendo mu matora, gukinga amatati ajanye n’amatora, hamwe n’ibijanye n’ukurorera amatora (Observation électorale).

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS