Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Abibwa hakoreshejwe amayeri (Escroquerie) nabo bagiye kuza barakurikiranwa mu butungane

Abantu bibwa n’abasuma bakoresha uruyeri (Escoquerie) bagiye nabo gutangura gukurikiranwa n’ubutungane, mu giporisi c’Uburundi bakaba bamenyesha ko iyo ngingo ifashwe kuko bimaze kuboneka ko abo bibwa bakorana n’abo basuma mu mpisho, kuko baba bibaza ko bahava bunguka amafaranga menshi.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bibabaje kubona abantu babandanya kwibwa n’abo basuma, kandi inzego z’umutekano zama zashikirije amayeri akoreshwa mu kwibwa. Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano ashikiriza ko n’abibwa n’abo basuma bagiye kuza barakurikiranwa mu butungane.

“Abo nyene bibwa, amategeko agiye kuza arabakurikirana, uwivye azohanwa ukwiwe, n’uwabigiyemwo nawe nyene azohanwa ukwiwe, kuko babigendamwo mu mpisho, kubera baba bazi ko bagiye kwunguka amafaranga menshi, bagasanga bagiye gukora icaha. Iyo bibwe niho baca batangura kurira batakambira igiporisi ngo nimudufashe twaribwe, mugabo bakigenda bagenda ku rwenge mu mpisho. Bamenye ko ico caha c’ukwiba ku ruyeri, na wewe wakigiyemwo uzi ko ari icaha, umenye ko na wewe hari amategeko aguhana. Kuva ubu bamenye ko bazokorerwa Dosiye mu bandi bagaheza bakabihanirwa uruhara bagize kuri ico caha c’ukwiba ku ruyeri kuko babigendamwo babizi.”

Mu giporisi c’Uburundi babishikirije kuri uwu wa kane, inyuma y’aho hari abagabo babiri bagirizwa kwiba bakoresheje uruyeri (Escroquerie), bafashwe bamaze kwiba umwe amafaranga y’amadorare arenga ibihumbi bitandatu, uwa kabiri nawe akaba yafashwe agira yibe amafaranga y’amadorare arenga ibihumbi 19. Uwagira yibwe niwe yatabaje igiporisi, uwo mugabo yagira yibe amadorare arenga ibihumbi 19 akaba yafatanwe amafaranga ya magendu yariko arakoresha, nk’uko bivugwa n’igiporisi c’Uburundi.

Mu giporisi c’Uburundi baranegura ariko ko bamwe mu bakoresha amayeri mu kwiba iyo bafashwe badateba mu munyororo, aho bagatanga akarorero k’abaheruka gufatwa barapfungwa, ariko bakaba bamaze akanya urume rumara mu munyororo.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano : “Barya bantu bari baherejwe ubutungane kw’itariki 15 z’ukwa mbere 2019, mu nyuma baravuyeyo ku buryo kw’itariki 26 z’ukwezi kwa kabiri bari basubiriye kwiba abandi bantu amafaranga kandi menshi cane. Baridegemvya. Uwu murwi w’aba bantu biba ku ruyeri, cane cane abo biba ama Dollars ibihumbi, ugizwe n’abantu benshi.”

Abo bagabo bompi bafashwe kw’igenekerezo rya 14 z’ukwezi kwa gatatu 2019, bafatirwa muri zone ya Kinindo, mu gisagara ca Bujumbura.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS