Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Aigle Noir FC yahawe igikombe c’ihiganwa risigaje iminsi ine

Umurwi wa Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba washikirijwe kuri uwu wa gatatu igikombe c’ihiganwa rya Primus Ligue umwaka w’2018 risigaje inkino z’iminsi ine kugira risozerwe. Vy’intahinduka, uwo murwi wa Aigle Noir niwo uri mu kibanza ca mbere mbere, ukaba usumvya amanota cumi n’atatu yose umurwi wa kabiri ariwo Musongati FC.

Urukino rwabaye kuri uwu wa gatatu ku kibuga INGOMA co mu ntara ya Gitega nirwo rwategerezwa kwerekana ko umurwi wa Aigle Noir FC utahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya PRIMUS Ligue. Aigle Noir yasabwa gutsinda canke kunganya na Olympic Star y’i Muyinga. Aigle Noir FC yatsinzwe ariko muri urwo rukino rwaheze ari 2 kuri 3 vya Olympic Star.

Ntivyabujije ariko ko uwo murwi wa Aigle Noir ufata vy’intahinduka ikibanza ca mbere muri Primus Ligue, kubera ku rundi ruhande, Musongati FC yanganije kimwe ku kindi na Flambeau du Centre. Mukumva ko n’aho Olympic Star yatsinze Aigle Noir FC ataco vyahinduye ku kibanza ca mbere uwo murwi watahukanye.

Igikombe c’ihiganwa rya Primus Ligue caciye gishikirizwa ku mugaragaro uwo murwi, mbere na Fondation PAX Burundi uwo murwi Aigle Noir ukomokako ikaba yaciye iboneraho akaryo ko guha uwo murwi agashimwe k’ibahasha y’amafaranga y’amarundi imiriyoni cumi na zibiri n’ibihumbi amajana atanu (12.500.000 Frs Bu), y’ugukeza abakinyi n’umumenyereza kuri ico gikombe batahukanye.

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS