Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Aigle Noir mu kibanza ca mbere ku minsi umunani ihiganwa risigaje

Umurwi wa Aigle Noir, amanota 54, niwo uza kw’isonga mw’ihiganwa rya Primus Ligue risigaje inkino umunani kugira rihere. Messager Bujumbura iza mu kibanza ca nyuma n’amanota 17. Kuri uwu wa gatandatu no kuw’Imana akaba ariho hakinwe inkino z’umunsi wa 22.

Muri izo nkino, Bumamuru yatsinze kimwe ku busa Rukinzo, Messager Bujumbura nayo itsindwa bitanu kuri kimwe na Messager Ngozi.

Athletico Olympic yatsinze bitatu ku busa Olympic Star, Flambeau de l’Est itsindwa bibiri kuri kimwe na Flambeau.

Kayanza United yatsinzwe bibiri kuri kimwe na Buja City, Les Lierres itsinda kimwe ku busa Ngozi City.

Musongati yatsinzwe kimwe ku busa na Vital’O FC nayo Lydia Ludic Burundi itsindwa bitandatu kuri kimwe na Aigle Noir.

Inyuma y’inkino zose, imirwi itatu ya nyuma niyo izokorokera mu cicaro ca kabiri.

Uko imirwi irushana amanota

Uko imirwi yatsindanye

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS